Brukerdiskusjon:Jules
Fra Wikipedia, den frie encyklopedi
Fet tekstMtabila ni i kampi y'impunzi z'abarundi za hunze kuva muri mirongo icenda na gatatu.Iyo kampi iri muri Tanzania muntara ya Kigoma i Kasulu ahaherereye ibice vya Mugombe... Iyo kampi irafise amashure y'abana ariyo bita école primaire mururimi rwigifaransa,hamwe nayisumbuye amwe bita école secondaire.
Iyo kampi ibamo abarundi batari bake.Irafise namasoko nka "MU UNGANO" isoko ihuriramo abarundi naba Tanzania baba hafi yiyo kampi. Kanatsinda iyo kampi irafise ibintu vyi terambere,nka bwabuhinga bwo guhana hana amakuru bita internet.
Iyo kampi ifatanye niyindi kampi yimpunzi yitwa Muyovozi.Muri ayo makampi uko ari abiri hariyo ibitaro vyabarwayi,mbere hariho naho bakorera abantu arivyo benshi bita kubaga(Operation mururimi rwigifaransa).Isoko yahantu hitwa muri AB ni isoko yoba ariyo nini kandi ikadandaza ibintu vyinshi kuruta ayandi muri ayo makampi uko ari abiri.
Mwi kampi ya Mtabila rero naho atamuyaga nkuba uhari ntikibuza ko umuntu araba Video,biciye kukamashine bita generateur bururimi rwigifaransa.Ako kamashine karatanga umuyaga nkuba.I Mtabila nyene ahantu bita kukabasazi hariho ico bita CENTRE DES JEUNES mururimi rwigifaransa.Aho nyene kukabasazi baraherekanira na Video.Si aho gusa berekana Video,naho muri iyo soko yaho hantu muri AB ho mbere hariho amavideo menshi kuruta naho handi.
Iyo yari i kampi ya Mtabila/Muyovozi.
MURAKOZE!!

